16 Ukwa mbere 2021

Abanywanyi ba Trump bariko basengera imbere y'ingoro ya Capitol ku wa 06 z'uku kwa mbere
Insiguro y’isanamu,Abanywanyi ba Trump bariko basengera imbere y’ingoro ya Capitol ku wa 06 z’uku kwa mbere

Abanyamadini rukristu bashigikiye Perezida Donald Trump bari mu bantu ibihumbi n’ibihumbi bari mu myiyerekano i Washington DC mu ndwi iheze.

Hari bamwe babona ko ukwitabira iyo migumuko vyerekana ingene amashengero Rukristu muri Amerika yacanyemwo.

Imbere y’uko baja kwugariza ku ngoro ya Capitol ku wa gatatu w’indwi iheze, babanje gupfukama barasenga.

Ibihumbi n’ibihumbi barashitse ku cicaro c’ubutegetsi bwa Amerika mu myiyerekano yiswe “Kiza Amerika” (Save America) yari yateguwe kugira ngo biyamirize ivyavuye mu matora aheruka.

Perezida Trump yarashikirije ijambo isinzi ryari imbere ya Maison Blanche/White House, abasaba kuja kwugariza ibiro vy’inama nshingamateka na nkenguzamateka, aho abatowe bari bakorane kugira ngo bemeze intsinzi ya Joe Biden.

Isinzi ry’abari muri iyo myiyerekano bari bitwaje amasanamu avuga ivy’Imana. Amabendera yanditseko ngo “Yezu/Yesu 2020” (Jesus 2020) yarahungabana hampande y’amadarapo ya Trump hamwe n’aya Amerika.

Iryo sinzi ryahavuye rija kwugariza ku nyubakwa y’amakoraniro y’inama nshingamateka na nkenguzamateka, ivyatumye haduka akajagari kuri Capitol.

Hari n’imiburiburi umurwi umwe wari witwaje umusaraba ukozwe mu giti. Akandi karwi kavuza inzamba – umugirwa wa kiyahudi wahavuye wifatirwa n’amwe mu mashengero rukristu nk’ikimenyetso c’urugamba. Ahandi naho, hari abari bafise amabendera ariko ifi, ikimenyetso ca kera c’idini rya gikristu.

Ku bakristu bamwe, kubona ibi bimenyetso biri kumwe n’amabendera yerekana ya mareta yari yishize hamwe ngo arwanire ubucakara (États Confédérés) vyabaye ibintu biteye agahinda.

Ariko ku bandi, Trump ni rwo rukiza – umuntu yariko arwanira ngo ” imico rukristu ntiyiganzirwe n’ab’isi”, nk’uko Franklin Graham, umuhungu w’uwahoze ari umuvugabutumwa akomeye, Billy Graham, yabibwiye BBC.

Umusi umwe imbere y’iyi migumuko, umurwi w’abakristu bashigikiye Trump bakoze urugendo bise “urugeno rw’ i Yeriko” i Washington.

Bikoreye imisaraba baririmba n’indirimbo zihayagiza Imana, bakoze imyiyerekano mu micungararo ya Capitol basubiramwo inkuru yo muri Bibiliya ivuga igihe Abanyisirayeli bugarije umwansi wa Yeriko.

Amashusho bari bitwaje ntabwo yerekana amacakubiri ashingiye ku rukoba na politike gusa muri Amerika, yarerekanye ahubwo ko igihugu gihanzwe n’amacakubiri ashingiye ku madini.

Mu matora ya 2020, nk’uko vyagenze mu 2016, vyabonetse ko bine vya bitanu vy’abavugabutumwa b’abazungu – bari bashigikiye uyu mukuru w’igihugu wo mu mugambwe w’aba Repubulika.

Ariko ibi ni iigihushane ku bakristu b’Abirabure – imbere y’amatora, hafi ibice 90% vyabo bipfuza gutora uwariko ahiganwa kw’izina ry’umugambwe w’abaharanira Demokarasi (Democrat), Joe biden.

Kuva abanyamadini b’abazungu babaye umurwi ufise inguvu za politike muri Amerika mu mpera z’imyaka ya 1970, bamye bakora amasekeza yo kurwanya ugukorora inda, bakarondera gukomeza amategeko atanga ubwisanzure mu vyo amadini, kandi bagahimiriza ugufata mu mugongo igihugu ca Isirayeli.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here